Welcome to RPA   Click to listen highlighted text! Welcome to RPA Powered By GSpeech

Radio Publique Africaine
“La voix des sans voix”

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yicishijwe isumu, Prezida Ndayishimiye ari mu bagirizwa

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yicishijwe isumu,  Prezida Ndayishimiye ari mu bagirizwa

Inyuma y’imyaka itatu n’igice Prezida Nkurunziza yitavye Imana,  umwe mubamenyeshamakuru b’abarundi yagarutse kuri urwo rupfu. Uwo mumenyeshamakuru yahawe agashimwe n’imboneshakure CNN mu mwaka wa 2016 kubera ibikorwa vyiwe vyo guharanira ubwingenge bw’ibimenyeshamakuru muri Afrika, yamenyesheje ko afise ivyemezo ko Prezida Nkurunziza atishwe n’urw’akarago ahubwo yahawe isumu na bamwe mubagumyabanga bari basangiye kurongora Uburundi.

  « Mfise ivyemezo nshobora no gutanga imbere y’ubutungane bibaye ngombwa », ayo niyo majambo Bob Rugurika yabwiye abamenyeshamakuru mu kiganiro yagiranye nabo kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo uno mwaka.

Ikiganiro yaremesheje kugira agaruke ku rupfu rwa Prezida Nkurunziza, urupfu vyasa nuko atawe rushishikaje gushika aho. Muri ico kiganiro nta vyinshi yamenyesheje, umuyobozi wa Radio RPA yagize  ati « Ndaretse Reta y’Uburundi abe ariyo iha umuco abarundi n’amakungu nku mvo z’urwo rupfu, urupfu atari urw’akarago. »

Reta y’Uburundi ntaco yabivuzeko. Inyuma y’iminsi irenga cumi, Bob Rugurika nkuko yari yabisezeranye, yaciye atanga ayandi makuru kubijanye n’urupfu rwa Petero Nkurunziza hari mu kiganiro IJAMBO NI RWAWE ca Radio RPA co kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 08 Kigarama.

Uwo mumenyeshamakuru yatanganje irya mbere urupfu rwa Petero Nkurunziza mu mwaka wa 2020, amasaha atari make imbere yuko Reta y’Uburundi imubika, avuga ko Prezida Petero Nkurunziza yishwe n’isumu « ryaguriwe mu gihugu ca Tanzania mu karere ka Mwanza. » Isumu ryaguzwe rigenewe Prezida Nkurunziza.

Bob Rugurika azwi cane kubera amatohoza amaze gukora ku ma dossier atandukanye akomakomeye, atunga agatoke uwurongoye Uburundi muri kino gihe. « Ndafise ivyemezo ko Prezida Evariste Ndayishimiye azi neza ibijanye n’urwo rupfu kandi ko ari kw’isonga ry’ababuteguye. Yategerezwa guha umuco abarundi. »

Ikindi uwo mumenyeshamakuru yagize amatohoza  yamenyesheje nuko Prezida Nkurunziza yatanguye kuremba ku munsi wa kabiri w’indwi yinjizwa ibitaro. Petero Nkurunziza  yatwawe aremvye mu bitaro ‘’Natwe Turashoboye‘‘ vyo mu ntara ya Karusi mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 06 Ruheshi umwaka wa 2020. « Ku munsi wa gatatu w’iyo ndwi, igenekerezo rya 03 Ruheshi yari yagiriwe ibipimo vya Covid, ibipimo vyerekanye ko ata mugera wa Covid yari afise. Bukeye bwaho, Nkurunziza yarayozwe amaraso, afatwa n’ibintu yumva bimuniga. » Ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 05 Ruheshi 2020, Petero Nkurunziza yararemvye cane, ivyateye ubwoba abakozi bo ku kirimba, baciye batabaza umushikiranganji w’amagara y’abantu w’ico gihe. Umushikiranganji yabahanuye ko yojanwa vyihuse kwa muganga, kubw’amakuru umumenyeshamakuru Bob Rugurika yegeranije.

Umuyobozi wa Radio Publique Africaine avuga ko afise ivyemezo vyo kuva isumu ryakorejwe rigurwa hamwe n’imyidondoro ya bamwe mubafise uruhara muri iryo gandagurwa, abariteguye n’ababikoreshejwemwo. Amakuru yasezeranye gusohora mu gihe kibereye.

 Urupfu rwa Prezida Nkurunziza rwari rwateye amakenga abatari bake naho atawari bwubahe kuyashira ahabona.

« Jewe namenye ko Prezida Nkurunziza atakiriho nk’inyuma y’amasaha ane yitavye Imana », vyamenyeshejwe n’uwahoze ari umuvugizi wiwe  nawe nyene yari yatumiwe mu kiganiro IJAMBO NI RWAWE.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashinguwe igenekerezo rya 26 Ruheshi umwaka wa 2020. Inzego nkuru z’igihugu ntizarekuriwe kumusezera, kimwe mucongerereje amakenga uwo yahoze ari umuvugizi wiwe. Léonidas Hatungimana yanahoze ari umunywanyi wa CNDD-FDD yamenyesheje nawe nyene ko urupfu rwa Petero Nkurunziza rwashotse rutera amakenga bamwe mubanywanyi b’uwo mugambwe.

Ayo makuru akaba ahuye n’ivyashikirijwe n’umutambukanyi w’umuhisi Nkurunziza. Mu kiganiro IMVO N’IMVANO c’iradiyo y’abongereza BBC cabaye kw’igenekerezo rya 01 Ndamukiza uno mwaka, Denise Bucumi Nkurunziza yaragarutse irya mbere k’urupfu rw’umutambukanyi wiwe. Yamenyesheje ko n’imbere yuko ashingurwa hari abagumye bibaza ibibazo ku mvo z’urwo rupfu.  Umutambukanyi wa Petero Nkurunziza yavuze ati « Sinigeze nipfuza ko tumukurikiza induru, ntabipimo vyo kurondera ikimishwe nashaka kuko n’ubundi ntiyaca agaruka ngo nuko twamenye ikimuhitanye. »

Igipfungu k’urupfu rwa Prezida Nkurunziza cashizweho na Reta. Muri ico kiganiro nyene co kw’igenekerezo rya 08 Kigarama, Nadine Nibigira, yanonosoye ivyirwa bijanye n’ubugizi bwa nabi yasiguye ko « Umushikirizamanza kizigenza wa Republika yategerezwa guca atanguza amatohoza Prezida Nkurunziza agipfa, kugira hamenyekane ikimishe. »

Prezida Petero Nkurunziza yararongoye Uburundi kuva mu mwaka wa 2005, ahejeje ikiringo ciwe ca gatatu kitari gihuye n’amategeko (2015-2020), ntiyitoje mu matora ya 2020. Evariste Ndayishimiye yararongoye umugambwe CNDD-FDD niwe yaciye awuserukira mu matora. Ariko Petero Nkurunziza yari yaragizwe ‘’Imboneza yamaho’’ y’umugambwe CNDD-FDD. Ikibanza camushira hejuru y’umukuru w’igihugu kuko hari ingingo atofashe atabanje kumubaza.

 

 

Faire un don

Nos journaux parlés

Qui est en ligne?

Nous avons 280 invités et aucun membre en ligne

Click to listen highlighted text! Powered By GSpeech